Hadith for the World
Tap the image to view it full size
Jurisprudence and Juristic Principles

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ati: "Narumvise Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) avuga ati:

Available in 71 languages
«Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ati: "Narumvise Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) avuga ati: "Uwushengereye ingoro ntagatifu ku bw'Imana Allah, maze ntarangwe n'ubushizi bw'isoni, ntarangwe kandi n'ingeso mbi, agaruka yejejwe ivyaha nk'umusi avyarwa na nyina ata caha afise".»

Meaning translation ·

Explanation

The meaning in a few plain lines

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratomora neza ko uwo wese agiye gushengerera ku bw'Imana Allah, ingoro ntagatifu iri i Makka, maze ntarangwe n'ubushizi bw'isoni; ubwo na bwo bukaba ari ukurangura amabanga y'abubatse hamwe n'ivyipfuzo bijanye na kwo (n'ukurangura amabanga y'abubatse); nko gusomana canke guhoberana n'umugore. Ubushizi bw'isoni buvugwa ng'aha kandi, ni ukuvuga amajambo y'ibishegu n'ay'ubushirasoni; hanyuma ntarangwe n'ingeso mbi mu gukora ivyaha n'ibicumuro. Ibindi biharurwa mu ngeso mbi kandi, ni ugukora ibizira bikaziririzwa ku wuzirikanye ishengerera ry'ingoro ntagatifu yambaye urubega. Uwubahirije ivyo rero, agaruka avuye mw'ishengerera ry'ingoro ntagatifu, yarababariwe ivyaha vyiwe, agatahuka ata caha asigaranye nka kurya umwana avuka yejejwe ata vyaha afise.

Source
متفق عليه
Download image

Saved at original quality