Hadith for the World
Tap the image to view it full size
The Creed

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati:

Available in 71 languages
«Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati: "Ewe Mana yanje Nzima! Ntuzogire imva yanje kuba ahantu hasengerwa ibigirwamana; kuko Imana Allah Yavumye abantu bagize imva z'Abavugishwamana babo kuba imisigiti".»

Meaning translation ·

Explanation

The meaning in a few plain lines

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yasavye Imana yiwe Rurema Allah, ko Itoreka imva yiwe ngo ibe nk'ikigirwamana gisengwa n'abantu mu kuyubaha bayininahaza no mu kuyitumbera bayubamira. Hanyuma (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aca asigura ko Imana Allah Yavumye mu kwirukana mu mpuhwe zayo, uwo wese yagize imva z'Abavugishwamana kuba imisigiti; kuko guhindura nya mva zikaba imisigiti bituma abantu bazigira ibigirwamana mu kuzitumbera mu vyo bakora no mu kwemera ko zica zigakiza.

Source
رواه أحمد
Download image

Saved at original quality