The Creed
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati:
Available in 71 languages
«Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Igihe kimwe Intumwa y'Imana yarabajijwe iti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ni nde azogirirwa ibakwe kurusha abandi ry'uko uzomusabira ku musi w'izuka?". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yishuye iti: "Ewe Abu Hurayra! Ni ukuri, nari nzi ko ata wundi n'umwe yogutanga kumbaza kuri iyi nyigisho, ku kungene nabonye umwitwarariko ufise mu kwakira inyigisho z'intumwa. Uwuzogirirwa ibakwe kurusha abandi ry'uko nzomusabira ku musi w'izuka, ni uwavuze ijambo "LAA ILAAHA ILLA LLAAH" ryejejwe ku bw'Imana Allah, arikuye ku mushaha canke ku mutima wiwe".»Meaning translation ·
Saved at original quality








