Hadith for the World
Tap the image to view it full size
Virtues and Manners

Mu vyakiriwe na Khawla Al-Answaariyya (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narigeze kwumva Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) avuga ati:

Available in 70 languages
«Mu vyakiriwe na Khawla Al-Answaariyya (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narigeze kwumva Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) avuga ati: "Mu vy'ukuri, abantu bakoresha nabi amatungo y'Imana Allah, maze bakayakoresha mu vyo atagenewe, baragenewe umuriro ku musi w'izuka ry'ibiremwa"".»

Meaning translation ·

Explanation

The meaning in a few plain lines

Uvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yaratwiganiye ku vyerekeye abantu bakoresha nabi amatungo y'abislamu, maze bakayakoresha mu vyo atagenewe, bakanayihereza mu buryo batarekuriwe, ko bategekanirijwe umuriro. Iyi ni mu nsiguro rusangi ihurikiyemwo ikoreshwa nabi ry'amatungo, haba mu gihe co kuyegeranya no kuyatororokanya mu bizira, canke mu kuyakoresha mu bitarekuwe no ku batabirekuriwe, harimwo no kurya amatungo y'impfuvyi, amatungo yagenewe igikorwa nyezina "waq-fu", umuntu kwihakana imbitso yabikijwe "amaana" maze akayihagira, hamwe rero no kwihereza ivyo umuntu atarekuriwe mu matungo rusangi. Mu nyuma Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yaratwiganiye ko impera y'abo bantu, ari ukwinjizwa mu muriro ku musi w'izuka ry'ibiremwa.

Source
رواه البخاري
Download image

Saved at original quality