Hadith for the World
Tap the image to view it full size
The Creed

Mu vyakiriwe na Abdillaahi mwene Amri mwene Al'Aasw (Imana Allah Ibishimire bompi), yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti:

Available in 71 languages
«Mu vyakiriwe na Abdillaahi mwene Amri mwene Al'Aasw (Imana Allah Ibishimire bompi), yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti: "Imana Allah Yanditse ivyagezwe ku biremwa vyose imbere y'iremwa ry'amajuru n'isi ku myaka ibihumbi mirongo itanu, maze ica ivuga iti: "Ico gihe Ubuhangamo bwayo "Arshi" bwari hejuru y'amazi""".»

Meaning translation ·

Explanation

The meaning in a few plain lines

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratwiganira ko Imana Allah Yanditse ido n'ido y'ibizoba mu vyagezwe ku biremwa vyose, ubuzima n'ugupfa kwavyo hamwe n'ibizobibeshaho mu buzima, n'ibindi bitari ivyo, ivyo vyose rero bikaba vyaramaze kwandikwa ku kibaho kibungabunzwe "Lawhu l-mahfuudh" imbere y'iremwa ry'amajuru n'isi ku myaka ibihumbi mirongo itanu, kandi bikaba bizoshika hisunzwe indinganizo y'ivyagezwe n'Imana Allah; ikintu ico ari co cose rero kibaye, kiba hisunzwe ivyagezwe n'Imana n'ishirwa mu ngiro ryavyo; burya igishikiye umuntu kikamwagira, ntikiba comuhusha namba ngo kimurengane, ni nk'uko n'ikimuhushije ntikimushikire, ntikiba comushikiye namba ngo kimwagire.

Source
رواه مسلم
Download image

Saved at original quality