Hadith for the World
Tap the image to view it full size
The Noble Qur'an and Qur'anic Sciences

Mu vyakiriwe na Abdullahi mwene Amri (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:

Available in 70 languages
«Mu vyakiriwe na Abdullahi mwene Amri (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Uwufise Qor'ani mu mutwe, ku musi w'izuka azobwirwa ati: "Soma maze udugirizwe icubahiro, uheze usome neza mu bwitonzi nta ngere nka kurya wahora usoma kw'isi, mu vy'ukuri urugero rw'icubahiro cawe, rugarukira kuri Aayah ya nyuma usoma"".»

Meaning translation ·

Explanation

The meaning in a few plain lines

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) arigana ko umusomyi wa Qor'ani, agendera ibirimwo akabishira mu ngiro, akama yayisomye akanayifata ku mutwe, igihe yinjiye mu Bwami bw'ijuru, azobwirwa ati: Soma Qor'ani, uheze udugirizwe icubahiro mu vyubahiro vyo mu Bwami bw'ijuru hakurikijwe urugero rw'ivyo usoma, maze rero uyisome neza nka kurya wahora uyisoma mu bwitonzi nta ngere; kuko mu vy'ukuri urugero rw'iduzwa ry'icubahiro cawe, ruza kugera kuri Aayah ya nyuma usoma.

Source
رواه أبو داود والترمذي والنسائي في الكبرى وأحمد
Download image

Saved at original quality