Hadith for the World
Tap the image to view it full size
Jurisprudence and Juristic Principles

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:

Available in 70 languages
«Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Uwo wese asenze mu gicugu c'ijoro ry'iteka "laylatu l-qadri"; yemera Imana Allah; yemera n'uko ari igikorwa-nyongera ashize mu ngiro arondera indishi ku Mana Allah, araheza akababarirwa ivyaha vyiwe yakoze".»

Meaning translation ·

Explanation

The meaning in a few plain lines

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ivyiza vyo gusenga mu gicugu c'ijoro ry'iteka "laylatu l-qadri", ijoro riboneka mu majoro cumi ya nyuma yo mu kwezi kwa Ramadhani; n'uko uwugize akigoro muri ayo majoro, agaheza agasenga, agasaba ibisabisho, agasoma Qor'ani, akaninahaza anatazira n'Imana Allah, ivyo vyose akabigira yemera ko biri mu bikorwa nyegerezamana, yemera n'ivyiza vyavyo vyashikirijwe mu nyigisho zitandukanye z'intumwa, maze ivyo vyose akabikora aziga indishi ku Mana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, atabigira ku kwiyerekana canke ku kurondera kuyagwa neza n'abantu, ko mu vy'ukuri Imana Allah Iheza Ikamubabarira ivyaha vyiwe yamaze gukora.

Source
متفق عليه
Download image

Saved at original quality