Hadith for the World
Tap the image to view it full size
Virtues and Manners

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko

Available in 70 languages
«Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko hari umuntu yasavye Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) amubwira ati: "Mpanura ico nogenderako nk'iragi". Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yamubwiye ati: "Ntugashavure". Uyo muntu rero yarasubiyemwo ico kibazo incuro nyinshi, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) na we aguma amusubiriramwo ya nyishu nyene ati: "Ntugashavure".»

Meaning translation ·

Explanation

The meaning in a few plain lines

Umwe mu ngendanyi (Imana Allah Izishimire) yasavye Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ko yomubwira ikintu yoheza akagendera, maze kikamugirira akamaro mu buzima, aca amutegeka ko atotwarwa n'ishavu, ivyo bikaba bifise insiguro ko yokwirinda ibituma umuntu ashavura, maze akigumya igihe cose hagize icotuma ashavura, agaheza rero akareka kuguma ashavuye ngo agere ingere ku yindi yihora mu kwica, canke mu gukubita, canke mu gutukana, n'ibindi nk'ivyo. Nya muntu rero yagumye asubiramwo kenshi mu gusaba impanuro yogendera nk'iragi, maze Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) na we ntiyahejeje ngo arenzeko na kimwe ku nyishu yari yamuhaye, yashishikaye kumuha nya mpanuro nyene ati: "Ntugashavure".

Source
رواه البخاري
Download image

Saved at original quality