Virtues and Manners
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire)
Available in 70 languages
«Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu vyo yakiriye ku Mana yiwe Rurema Nyenintsinzi na Nyenicubahiro, Yavuze Iti: "Hari umuja yakoze icaha, aca avuga yigaya ati: "Mana yanje Nzima Allah! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Ica Imwakiriza yompi Ivuga Iti: "Umuja wanje yakoze icaha, aca amenya ko afise Imana Rurema Ibabarira icaha, Ishobora no kugihanira. Hanyuma nya muja wanje asubira gukora icaha, araheza avuga yigaya kandi ati: "Ewe Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze", Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Ica Imwakiriza yompi Ivuga Iti: "Umuja wanje yakoze icaha, aca amenya ko afise Imana Rurema Ibabarira icaha, Ishoboye no kugihanira". Hanyuma wa muja wanje asubira gukora icaha, araheza avuga yigaya kandi ati: "Ewe Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze", Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Ica Ivuga Imwakiriza yompi Iti: "Umuja wanje yakoze icaha, aca amenya ko afise Imana Rurema Ibabarira icaha, Ishoboye no kugihanira". Imana Allah rero Iraheza Imuhumuriza Iti: "Muja wanje! Kora ivyo ushaka, ni ukuri Namaze kukubabarira ivyaha vyawe"".»Meaning translation ·
Saved at original quality








