10 hadiths
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu vyo yakiriye ku Mana yiwe Rurema Nyenintsinzi na Nyenicubahiro, Yavuze Iti: "Hari umuja yakoze icaha, aca avuga yigaya ati: "Mana yanje Nzima Allah! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Ica Imwakiriza yompi Ivuga Iti: "Umuja wanje yakoze icaha, aca amenya ko afise Imana Rurema Ibabarira icaha, Ishobora no kugihanira. Hanyuma nya muja wanje asubira gukora icaha, araheza avuga yigaya kandi ati: "Ewe Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze", Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Ica Imwakiriza yompi Ivuga Iti: "Umuja wanje yakoze icaha, aca amenya ko afise Imana Rurema Ibabarira icaha, Ishoboye no kugihanira". Hanyuma wa muja wanje asubira gukora icaha, araheza avuga yigaya kandi ati: "Ewe Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze", Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Ica Ivuga Imwakiriza yompi Iti: "Umuja wanje yakoze icaha, aca amenya ko afise Imana Rurema Ibabarira icaha, Ishoboye no kugihanira". Imana Allah rero Iraheza Imuhumuriza Iti: "Muja wanje! Kora ivyo ushaka, ni ukuri Namaze kukubabarira ivyaha vyawe"".متفق عليه