Hadith for the World
Tap the image to view it full size
The Creed

Mu vyakiriwe na Abu Ayyuubu Al-Answaariy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:

Available in 70 languages
«Mu vyakiriwe na Abu Ayyuubu Al-Answaariy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Ntibirekuwe ko umuntu ahunga mwenewabo ikiringo kirenga imisi itatu, maze uyu yahura n'uyu akamwirengagiza, n'uriya yahura n'uyu akamwirengagiza, burya intore muri bo, ni urya yitanganiza mu kuramutsa amahoro mugenziwe".»

Meaning translation ·

Explanation

The meaning in a few plain lines

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarabujije ko umwislamu ahunga mwenewabo mu kiringo kirenga imisi itatu, aho usanga bahura ntibaramukanye, ntibanavugishane. Intore rero muri aba babiri batase, ni urya arazwa ishinga n'ugukuraho ukwo guhungana, maze akitanganiza mu kuramutsa uwundi. Uguhunga uwundi kuvugwa ng'aha, ni kurya guterwa n'ivyo bapfa ku gatwe kabo. Nayo uguhunga uwundi bitewe n'uguharanira agateka k'Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere; nko guhunga ibigaba birenga ku mabwirizwa y'Imana Allah, abadukana bishasha mw'idini hamwe n'abagenzi babi, uguhunga abantu nk'abo ntibifise ikiringo bihererako, ahubwo ikiringo c'ukugumaho canke guhera kw'ukwo guhunga, kuvana n'ukuba icabitumye giheze canke kibandanya, maze ukwo guhunga kugahagarikwa n'uko icabitumye giheze.

Source
متفق عليه
Download image

Saved at original quality