Hadith for the World
Tap the image to view it full size
Virtues and Manners

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:

Available in 70 languages
«Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Igihe umuntu aba ari hafi cane y'Imana yiwe Rurema Allah, ni igihe yubamye. Enda rero nyabuna, rushirizaho rero gusaba kenshi mu gihe mwubamye".»

Meaning translation ·

Explanation

The meaning in a few plain lines

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yaratomoye ko igihe umuntu aba ari hafi cane y'Imana yiwe Rurema Allah, ari igihe yubamye. Ivyo biri ukwo, kubera ko uwuriko arasenga ashira hasi igihimba ciwe cubashwe gusumba ibindi bihimba vy'umubiri wiwe (umutwe), maze akubama mu kwerekana ko yicishije bugufi kandi agayitse mu kuba ari umunyentegenke cane ku Mana Allah Nyenintsinzi na Nyenicubahiro. Ni kuri iyo mvo rero, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yategetse ko umuntu yorushirizaho gusaba kenshi mu gihe yubamye, gutyo agahuriza hamwe mu majambo no mu bikorwa ukwerekana intege nke afise.

Source
رواه مسلم
Download image

Saved at original quality