Hadith for the World
Tap the image to view it full size
Virtues and Manners

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati:

Available in 70 languages
«Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarigeze kubazwa ku bintu kenshi na kenshi bizotuma abantu binjira mu Bwami bw'ijuru, ica yishura ivuga iti: "Igamburukiramana hamwe rero n'umuntu kurangwa n'ingeso nziza". Yaranabajijwe ku bintu kenshi na kenshi bizotuma abantu binjira mu muriro, ica yishura ivuga iti: "Akarimi ku muntu hamwe rero n'igitsina"".»

Meaning translation ·

Explanation

The meaning in a few plain lines

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yaratomoye ko ibintu bikurubikuru bizotuma abantu binjira mu Bwami bw'ijuru, ari ibintu bibiri, na vyo bikaba ari: Igamburukiramana hamwe rero n'umuntu kurangwa n'ingeso nziza. Igamburukiramana rero, ni umuntu kwikingira ibihano vy'Imana Allah mu gushira mu ngiro ivyo Yamutegetse gukora no kwirinda ivyo Yamubujije gukora. Nayo umuntu kurangwa n'ingeso nziza, ni ukwama akeye mu maso (ukwamana akamwemwe mu maso), akanagirira neza abantu hamwe rero no kutabageramira. Yaranatomoye ko ibintu bikurubikuru bizotuma abantu binjira mu muriro, ari ibintu bibiri, na vyo bikaba ari: Akarimi ku muntu hamwe rero n'igitsina. Mu vyaha bikorwa n'akarimi, ni ukubesha, ukwandagaza no guteranya abantu, n'ibindi bitari ivyo. Nayo mu vyaha bikorwa n'igitsina, ni ugusambana, uguca inyuma hagati y'abagabo ku bagabo (uguhuza ibitsina hagati y'ababisangiye), n'ibindi bitari ivyo.

Source
رواه الترمذي وابن ماجه وأحمد
Download image

Saved at original quality