Hadith for the World
Tap the image to view it full size
Virtues and Manners

Mu vyashikirijwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati:

Available in 70 languages
«Mu vyashikirijwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati: "Hariho amajambo abiri yoroshe kuvuga ku rurimi, aremereye mu ndishi ku munzane, akundwa na Nyenimpuhwe: SUB-HAANA LLAAHI L'ADHWIIM, SUB-HAANA LLAAHI WABIHAMDIHI".»

Meaning translation ·

Explanation

The meaning in a few plain lines

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yaratwiganiye ko hariho amajambo abiri yorohera umuntu kuyavuga mu bihe vyose ata n'uburemere burimwo, n'uko impera yo kuyavuga ari nyinshi ku munzane w'ibikorwa vyiwe, n'uko Imana yacu Rurema Nyenimpuhwe, Nyenimigisha na Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, Iyakunda cane, na yo akaba ari: "SUB-HAANA LLAAHI L'ADHWIIM" na "SUB-HAANA LLAAHI WABIHAMDIH", ivyo bikavana n'uko ayo majambo ahurikiyemwo ininahazwa n'ishimagizwa ry'Imana Allah Nyenimigisha-nta ngere, na Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, mu kwerekana ubuhambare n'ubutore vyayo, hamwe n'iyezwa ryayo mu buryo buzira kwitirirwa ibiteye kubiri n'ivyo.

Source
متفق عليه
Download image

Saved at original quality