Hadith for the World
Tap the image to view it full size
Jurisprudence and Juristic Principles

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:

Available in 70 languages
«Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Nta ho vyakabaye ko imperezwa igabanya na kimwe mu butunzi bw'umuntu ; nta n'aho vyakabonetse ko Imana Allah Yongerereza umuja ababariye abandi, kiretse icubahiro n'iteka mu bandi; nta n'umuntu yicisha bugufi ku bw'Imana Allah, kiretse ko Imudugiriza icubahiro mu bandi".»

Meaning translation ·

Explanation

The meaning in a few plain lines

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko imperezwa umuntu atanze, itagabanya na kimwe mu butunzi bwiwe, ahubwo ko ituma ubutunzi bwiwe bukingirwa ivyago, maze Imana Allah Ikamusubiriza ahavuye nya mperezwa ivyiza vyinshi, bigatuma bwa butunzi bwiyongera ha kugabanuka. Ukubabarira abandi mu gihe ushoboye guhana n'ukwihora, vyongerereza uwubabariye inguvu, icubahiro n'iteka. Eka nta muntu n'umwe yicisha bugufi ku bw'Imana Allah, atabitewe n'ugutinya umuntu, atari ku mvo z'ukwigana uwundi, atari no mu kumuronderako ico yomumarira, kiretse ko impera yiwe kuri iryo babarira, iba ari ukudugirizwa icubahiro n'igihagararo mu bandi.

Source
رواه مسلم
Download image

Saved at original quality