The Creed
Mu vyakiriwe na Mu'aadhi (Imana Allah Imwishimire) ni uko yavuze ati:
Available in 71 languages
«Mu vyakiriwe na Mu'aadhi (Imana Allah Imwishimire) ni uko yavuze ati: "Igihe kimwe Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yari ampetse ku ndogobwe yitwa Ufairu, aca avuga ati: "Ewe Mu'aadhi! Woba uzi agateka k'Imana Allah Ifise ku baja bayo, n'agateka k'abaja bayo bafise kuri Yo?". Naciye mvuga nti: "Imana Allah n'Intumwa yayo, ni bo bazi gusumba, nayo jewe nta nyishu mfise". Aca arishura ati: "Mu vy'ukuri, agateka k'Imana Allah Ifise ku baja bayo, ni uko bayiyegereza mu vyo bakora vyose bakanayisenga batayibangikanya na kimwe mu biremwa; nayo agateka k'abaja bayo bayifiseko, ni uko Itazohana uwutayibangikanya na kimwe mu biremwa". Naciye mvuga nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! None ubwo sinomenyesha abantu iyi nkuru nziza!?". Yaciye ivuga iti: "Eka! Ntuyibamenyeshe ku kwanka ko bokwijajara bakayifatirako maze bagaca badebukirwa mu bikorwa nyegerezamana"".»Meaning translation ·
Saved at original quality








