Hadith for the World
الإيمان باليوم الآخر

الحياة البرزخية

2 hadiths

2 hadiths

عَنْ عَبْدِ اللَّهِ بْنِ عُمَرَ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُمَا: أَنَّ رَسُولَ اللَّهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ قَالَ: «إِنَّ أَحَدَكُمْ إِذَا مَاتَ عُرِضَ عَلَيْهِ مَقْعَدُهُ بِالْغَدَاةِ وَالعَشِيِّ، إِنْ كَانَ مِنْ أَهْلِ الجَنَّةِ فَمِنْ أَهْلِ الجَنَّةِ، وَإِنْ كَانَ مِنْ أَهْلِ النَّارِ فَمِنْ أَهْلِ النَّارِ، فَيُقَالُ: هَذَا مَقْعَدُكَ حَتَّى يَبْعَثَكَ اللَّهُ يَوْمَ القِيَامَةِ».متفق عليه
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Umuhero w'isi, ntuzoshika izuba ritabanje guserukira mu burengero bwaryo; igihe rero ryaserukiyeyo abantu bose bazoca bemera; ico ni co gihe Imana Allah Ivugako Iti: {Ico gihe kigeze, ukwemera kw’umuntu atigeze yemera imbere y’ico gihe, nta co kuzomumarira. Aramutse yemeye naho, ibikorwa vyiza atigeze akora imbere y’ico gihe, nta co bizomumarira} [Al-An'aam: 158]; ni ukuri umuhero w'isi uzogera usange abagabo babiri bariko bacirirana igiciro c'impuzu, ntibazoheza ngo baheraheze ubuguzi hagati yabo, eka ntibazonaronka akanya ngo bazinge nya mpuzu; ni ukuri umuhero w'isi uzogera usange umuntu yagiye gukama ingamiya yiwe, ntazoheza ngo anywe amata yayo; ni ukuri umuhero w'isi uzogera usange umuntu ariko arasanura urugomero rwiwe, ntazoheza ngo arunyweko; ni ukuri umuhero w'isi uzogera usange umwe muri mwebwe agejeje utwo atamira ku munwa, ntazoheza ngo adufungure".متفق عليه