TopicThe Creed
135 hadiths
135 hadiths
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko: Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Mu vy'ukuri, Imana Allah Yavuze Iti: "Umuntu uwo ari we wese azobangamira umutoni wanje, ni ukuri, naramaze kumusezeranira indwano, burya nta muja wanje anyiyegereza mu gukora ivyo Nkunda kurusha, vyoza bisumba kunyiyegereza mu gukora ivyo Namubwirije; kandi umuja wanje ntahengeshanya kuguma anyiyegereza mu gukora ibikorwa-nyongera, gushika n'aho Ndamukunda. Iyo Maze kumunda rero, Nca Ndamubera ugutwi kwiwe akoresha mu kwumva, n'amaso yiwe akoresha mu kubona, n'ukuboko kwiwe akoresha mu gufata, n'ukuguru kwiwe akoresha mu kugendagenda; n'iyo hagize ico ansaba, ni ukuri Ndakimuha. N'iyo anyiyambaje ngo Ndamukingire, ni ukuri Ndamukingira, kandi rero sinigera ngonanwa ku kintu nshatse gukora, n'uko ngonanwa ku mutima w'umwemeramana iyo nshatse ko ahwera, kandi na we rero yanka gupfa, nanje nkanka kumushavuza"".رواه البخاري