The Creed
Mu vyakiriwe na mwene Abasi (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ati:
Available in 71 languages
«Mu vyakiriwe na mwene Abasi (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ati: "Umusi umwe nari mpetswe n'Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku gitwazi iraheza imbwira iti: "Kibondo! Mu vy'ukuri ngira ndakwigishe amajambo ngirakamaro, enda zigama Imana Allah mu kubungabunga amabwirizwa yayo, na Yo Izokuzigama Ikubungabunge; zigama Imana Allah uzoyisanga imbere yawe mu biguhanze; niwagira ico usavye, urasaba Imana Allah, niwashaka gusaba imfashanyo urayisaba Imana Allah. Menya kandi ko abantu bose mu gihe bohuriza ku ngingo yuko hari ico bakumarira, ata na kimwe boshobora kukumarira kiretse kirya Imana Allah Yamaze kukwandikira ko ukironka; no mu gihe bohuriza ku ngingo yuko bakugeramira, ata na kimwe boshobora kukugeramirako kiretse kirya Imana Allah Yamaze kukwandikira ko kigushikira; burya rero ikaramu yandika ivyagezwe kuri umwumwe wese, yaramaze kwandika, kandi n'impapuro vyanditseko zaramaze kwumuka"".»Meaning translation ·
Saved at original quality








