The Creed
Mu vyakiriwe na Abu Maaliki Al-Ash'ariy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
Available in 70 languages
«Mu vyakiriwe na Abu Maaliki Al-Ash'ariy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Ukwihumanura ni igice c'ukwemera; ishimagizwa ry'Imana Allah mu kuvuga uti: "AL-HAMDU LILLAAH" na ryo ryuzuza umunzane mu ndishi; ininahazamana hamwe n'ishimagizwa ry'Imana Allah mu kuvuga uti: "SUB-HAANA LLAAHI WAL-HAMDU LILLAAH" na vyo, vyuzuza ikirere kiri hagati y'isi n'amajuru mu ndishi; isengesho-bwirizwa na ryo ni umuco uboneshereza uwurisenga; imperezwa na yo ni icemezo c'ukwemera; ukwihangana na kwo ni itara ryakiriza umuntu mu vyago; Qor'ani na yo kuri wewe, ni icabona canke icagiriji; burya rero abantu bose bazinduka bagenda, maze muri bo hakaba uwugurisha umushaha wiwe mu kuwurokora mu muriro canke mu kuwuhonya akawutayo".»Meaning translation ·
Saved at original quality








