TopicVirtues and Manners
288 hadiths
288 hadiths
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Ntimugasharikane, ntimukaduganirizeko ibiciro mu guta mu rudubi abaguzi, ntimukankane urunuka, ntimugahane umugongo mu guca ubuvandimwe n'ubucuti, ntihakagire muri mwebwe abagurishiriza ikidandazwa ku kindi camaze kugurishwa na bamwe muri mwebwe, muraheza rero mube abaja b'Imana Allah b'abavukanyi. Burya umwislamu ni mwenewabo w'uwundi mwislamu; ntarota amurenganya, eka ntanamwihakana ngo areke kumutabara, kandi ntahirahira ngo amukengere, burya rero nyabuna igamburukiramana nyaryo riri ng'aha", ica ibisubiramwo incuro zitatu itunga n'urutoki ku gikiriza cayo, iraheza ivuga iti: "Birakwiye ku muntu kuba ari ikibi, gukengera mwenewabo w'umwislamu; burya umwislamu wese, ni ikizira kikaziririzwa kuri we: gusesa amaraso y'uwundi mwislamu, kumwambura amatungo yiwe, hamwe rero no kumuhungabaniriza agateka n'icubahiro vy'umuryango wiwe".رواه مسلم
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Uwukemuriye umwemeramana ikibazo mu kumukura mu vyago vyo kw'isi, Imana Allah Izomukemurira ibibazo mu kumukura mu vyago vyo ku musi w'izuka; uwutezuriye na we uwunaniwe mu kumworohereza mu bimubakiye (ibimugoye), Imana Allah Izomutezurira mu kumworohereza mu bimubakiye (ibimugoye) mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa; uwugumirije akabanga umwislamu, Imana Allah Izomugumiriza akabanga mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa; kandi rero burya Imana Allah ntihengeshanya gufasha umuja wayo mu gihe cose na we aba agishishikara gufasha mwenewabo; uwufashe inzira yo kuja kurondera ubumenyi, Imana Allah Iramworohereza inzira imushikana mu Bwami bw'ijuru; nta bantu bahurira muri imwe mu nzu z'Imana Allah bagaheza bagasoma bakanigishanya Igitabu cayo ca Qor'ani, kiretse ko abo bantu bururukirwa n'ituze, iteka n'itekane, bagahundagazwako impuhwe, bagakikuzwa n'abamalayika, Imana Allah na Yo Ikabahayagiza ku bari iwayo mu baja bayo, burya uwuzingamitswe n'ibikorwa vyiwe akabura ico yimariye, icubahiro c'ubwoko n'inkomoko vyiwe ntibizomushikana ku cubahiro c'aberanda".رواه مسلم
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu vyo yakiriye ku Mana yiwe Rurema Nyenintsinzi na Nyenicubahiro, Yavuze Iti: "Hari umuja yakoze icaha, aca avuga yigaya ati: "Mana yanje Nzima Allah! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Ica Imwakiriza yompi Ivuga Iti: "Umuja wanje yakoze icaha, aca amenya ko afise Imana Rurema Ibabarira icaha, Ishobora no kugihanira. Hanyuma nya muja wanje asubira gukora icaha, araheza avuga yigaya kandi ati: "Ewe Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze", Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Ica Imwakiriza yompi Ivuga Iti: "Umuja wanje yakoze icaha, aca amenya ko afise Imana Rurema Ibabarira icaha, Ishoboye no kugihanira". Hanyuma wa muja wanje asubira gukora icaha, araheza avuga yigaya kandi ati: "Ewe Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze", Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Ica Ivuga Imwakiriza yompi Iti: "Umuja wanje yakoze icaha, aca amenya ko afise Imana Rurema Ibabarira icaha, Ishoboye no kugihanira". Imana Allah rero Iraheza Imuhumuriza Iti: "Muja wanje! Kora ivyo ushaka, ni ukuri Namaze kukubabarira ivyaha vyawe"".متفق عليه